Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra, ngo zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.