Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Dawidi abarira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ati Ni mwumva mubishimye, kandi namba bivuye k’Uhoraho Imana yacu, dutume hose kuri bagenzi bacu basigaye mu ntāra zose z’i Bgisirayeli, no ku baherezi n’Abalewi bari mu bisagara vyabo bifise amaragiro, kugira ngo bakoranire aho turi;