Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe, Mana, wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye n’ibiteye ubgoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?