Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Yowabu ajana ingabo, aragenda atera igihugu c’Abamoni, ashika n’i Raba, arahaziguza. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu. Nuko Yowabu atsinda i Raba, arahasangangura.