Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bene Amuramu bāri Aroni na Mose; kandi Aroni yari yarobanuwe kugira ngo yezwe, abe uwera cane, bo n’abahungu biwe, gushitsa ibihe vyose, ngo bame bosereza imibavu imbere y’Uhoraho, bamusukūrire, basabire abantu umugisha mw izina ryiwe ibihe vyose.