Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi ba bandi banditswe amazina yabo baje ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda, batera amahema yabo, batera n’Abameyunimu basanzeyo, barabazimiriza rwose gushitsa n’ubu, basubira mu matongo yabo, kuko hār’ amaragiro y’imikuku yabo.