Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Aba ni bo bākomōtse kuri Reyubeni, imfura ya Isirayeli; ariko naho yar’ imfura, ubukuru bgiwe arabgākwa, kuko yūriye uburiri bga se, akabuhumanya, ubgo bukuru buhabga bene Yosefu, umwana wa Isirayeli nyene; yamara Yosefu ntiyatangurirwako nk’uw’ imfura, iyo bādōnda amazina yabo;