Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abo bose n’abo kuri Asheri, abakuru b’amazu ya ba sekuruza, abantu b’intorwa kandi b’abahizi, aba mbere mu baganwa. Kand’ igitigiri cabo uko canditswe mu gitabo kibadōndōra, bandikiwe kurwana intambara, bar’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bitandatu.