1 Corinthians 14:2 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ūvuga ururimi rutamenyekana s’abantu abarira, arikw abarira Imana, kukw ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga.