1 Corinthians 14:6 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha?