1 Corinthians 15:32 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga: “Reka twirire twongere twinywere, kuko ejo tuzopfa.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.