1 Corinthians 3:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.