1 Corinthians 5:11 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we.