1 Corinthians 6:7 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
No kuba mufitaniye imanza hagati yanyu, ivyo vyonyene vyerekana ko mwamaze kunanirwa. Ni kuki mudashobora kwihanganira akarenganyo? Ni kuki mudashobora kwihanganira ababiba?
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbere n’ubu har’ ico muhomvye rwose, kuko musubiranamwo mukabūrana. Ntimwopfuma mugirirwa nabi? Ntimwopfuma mwemera kugungwa?