1 Corinthians 7:15 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kwigira, mumureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe ku wo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ ūtizera, namb’ agomba kwahukana, ni yahukane. Mwene Data w’umugabo canke w’umugore ntahambirwa, iyo bimeze birtyo. Imana yaduhamagariye amahoro.