1 Corinthians 7:34 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Imyitwarariko yiwe igabuwemwo kubiri. Umugore canke inkumi itarongowe yitwararika ibikorwa vy’Umwami. Yihebera Umwami mu mubiri no mu mpwemu. Ariko uwarongowe yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugabo wiwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi harih’ itandukaniro ku mugore n’inkumi. Ūtābiriwe yitwaririka ivy’ Umwami wacu, kugira ngw abe uwera ku mubiri no mu mutima: arik’ uwābiriwe yitwaririka ivy’ isi, uko yonezereza umugabo.