1 Corinthians 7:37 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko nimba umusore yafashe ingingo mu mutima wiwe yo kutarongora, avyihitiyemwo kandi akaba ashoboye kwigumya, na we nyene aba agize neza.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ ūkomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, arikw ashobora gukora ivy’ agomba ubgiwe, yagabiye mu mutima kuzigama umukobga wiwe ngo ntarongorwe, azoba agize neza.