1 Corinthians 7:5 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ntihakagire uwiyima uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mukwiye gusubira kwegerana kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukubura ukwihangana kwanyu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.