1 John 3:12 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.