1 John 5:16 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Niwabona mwene Data wundi akoze icaha kitari ico kumwicisha, uze umusengere, Imana na yo izoha uwo muntu ubugingo. Ibi ndabivuze ku muntu yakoze icaha kiticisha. Ariko hariho icaha cicisha; simvuze ngo musengere umuntu yakoze icaha nk’ico.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera.