Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze haza umuntu w’Imana, abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Abasiriya ko bavuze ng’ Uhoraho n’imana ikara mu misozi miremire, ngw Ariko s’imana ikara mu biyaya; ngo none rero, aya masinzi y’ingabo agiye kuyagabura mu maboko yawe, ngo Namwe muzomenya kw ari we Uhoraho.