Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko wa mugore nyina w’umwana akomeye, kuko mu mutima yar’ afise ikibabarwe c’umwana wiwe, abarira umwami, at’ Ewe mugenzi! Uyo mwana akomeye pfuma umumuha, ntumwice na gatoya. Ariko wa wundi ati Ni mumucemwo kubiri, tumubure twempi.