Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Salomo arishura, ati Wagiriye neza cane data, umusavyi wawe Dawidi, kuko yagendera imbere yawe mu vy’ukuri no mu vy’ukugororoka, agutunganiye mu mutima wiwe, kand’ ukaba waramugereye kuzomugirira neza cane nk’uku, ukamuha umwana wo kumusubirira ku ngoma, nk’uko bir’ uyu musi.