Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ut’ Abantu biwe bazobikūra i Lebanoni, babimanukane babishikane ku kiyaga; uti Bishitseyo azobitekera imbambo, abicīshe mu kiyaga, ut’ Abishikane ah’ uzomurangira, babitekururireho, uti Nawe abe ari ho uzovyākīrira. Uti Nawe ni watanga ivyo kugaburira abo mu rugo rwiwe, uzoba uhaye.