Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ imyaka amajana ane na mirongumunani ishize, uhereye igihe Abisirayeli baviriye mu gihugu ca Egiputa, Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho, hāri mu mwaka ugira kane ari ku ngoma, mu kwezi kwa Zivu, ari kwo kwezi kwa kabiri.