Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ Ahēra Cane, amakika yaho yar’ amatambge mirongwibiri, n’ubgaguke bgaho bgari mirongwibiri, n’uburebure bg’igihagararo na bgo bgari mirongwibiri nyene. Hose ahōmekakw izahabu iramuye, abāza n’igicaniro mw isederi, na co acomekakw izahabu, agitereka imbere y’Ahēra Cane.