1 Peter 3:7 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’ abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha.