Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ uvuye aho, ugiye nk’akarēre, ugashika ku giti c’umweloni c’i Tabora, uja guhūra n’abantu batatu badūga gushengerera Imana i Beteli, umwe ateruye abagazi b’impene batatu, uwundi atwaye amarobe atatu y’imitsima, uwundi atwaye umukuza wa vino.