1 Thessalonians 1:8 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ijambo ry’Umwami wacu ryarasamiranye riva iwanyu, ntiryashika i Makedoniya no muri Akaya gusa, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwaramenyekanye hose. Ni co gituma tutarinda kugira ico tubabwira ku vy’ukwo kwizera,
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kuko muri mwebge humvikanye ijambo ry’Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, arik’ ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga mur’ ivyo.