1 Thessalonians 2:4 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko, twabigisha nk’abantu bemewe n’Imana ikongera ikabazeza kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ariko nk’ukw Imana yatwemeye ko tur’ abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk’abagomba kunezereza abantu, ariko nk’abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu.