1 Thessalonians 3:6 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y’ukwizera kwanyu n’urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk’uko natwe tubakumbura.