1 Timothy 5:8 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane‐cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’ azoba abaye hanyuma y’ūtizera.