Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko Ahabu umwami w’Abisirayeli abaza Yehoshafati umwami w’Abayuda, ati Mbega wokwemera kuntabara, ukajana natwe i Ramoti‐gileyadi? Aramwishura, at’ Ego cane, jewe nd’ umwe nawe, n’abantu banje ni bo b’iwawe: nzogutabara mur’ iyo ntambara.