Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago; yitwa Mikaya mwene Imula. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!