2 Chronicles 22:11 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko Yehoshabeyati umukobga w’umwami afata Yowasi mwene Ahaziya, amukūra mu bana b’umwami bariko baricwa, amushira mu cumba kibīkwamw’ amariri, hamwe n’umurezi wiwe. Uko ni ko Yehoshabeyati, umukobga w’umwami Yehoramu, muka Yehoyada umuherezi, mushiki wa Ahaziya, yamunyegeje Ataliya, kugira ngo ntamwice.