Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ umuherezi Yehoyada abarira abagabisha bagaba amajana, bashiriweho kugaba ingabo zose, ati Ni mumusohore, mumucishe hagati y’imirongo y’ingabo, kandi ni hagira ūmukurikira ni yicishwe inkota; kuk’ uwo muherezi yar’ avuze, ngo Ntimumutsinde mu ngoro y’Uhoraho.