2 Chronicles 28:15 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ abo bantu bavuzwe amazina barahaguruka, bābīra abo bantu b’inyagano; abāri bambaye ubusa bose bo muri bo babambika ivyo bakūye mu masahu, babaha impuzu n’ inkweto, barabagaburira, babaha n’ivyo kunywa, babasiga amavuta; abananiwe bose muri bo babashira ku ndogoba, babashikana mu b’i wabo i Yeriko, igisagara c’ibigazi; baraheza basubira i Samariya.