Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Azariya umuherezi mukuru, umuntu wo mu nzu ya Sadoki, aramwishura, at’ Uhereye igihe abantu batanguriye kuzana amashikanwa mu ngoro y’Uhoraho, twagiye tubona ivyo kurya, tugahāga, tugasigaza vyinshi; kuk’ Uhoraho yahaye abantu biwe umugisha, kand’ ibisāgutse ni vyo ibi bingana birtyo.