Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko Hilukiya n’abo bandi umwami yatumye, baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tokihati, umwuzukuru wa Hasira, yajejwe ububīko bg’imyambaro, bamusiguza ivyo. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.