Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze mu mwaka ugira icumi n’umunani ari ku ngoma, ahejeje gutunganya igihugu n’urusengero, arungika Shafani mwene Asaliya, na Mayaseya umukuru w’umurwa, na Yowa mwene Yowahazi umwanditsi w’ivyaja biraba, ngo baje gusanisha ingoro y’Uhoraho Imana yiwe.