Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’ Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.