Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Salomo yimura umwamikazi wiwe, umukobga wa Farawo, mu gisagara ca Dawidi, amushira mu ngoro yamwubakiye; kuko yavuze, at’ Umwamikazi wanje ntiyoba mu ngoro ya Dawidi umwami w’Abisirayeli, kukw ah’ isandugu y’Imana yashitse hose ar’ ahantu hēra.