2 Corinthians 10:12 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo: arikw abo, ko bīrēhēsha ubgabo kandi bīgereranya ubgabo, nta bgenge bagira.