2 Corinthians 10:13 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko ntitwishima mu birengeye aho tugeza ububasha. Twishimira ivyabereye mu bikorwa Imana yaduhaye, harimwo ivyo dukorera muri mwebwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Tweho ntituzokwirata ibirenze urugero, ariko tuzokwiyumvira urugero rwacu ko ruhwanye n’urugezo rw’ah’ Imana yatugereye, ngo dushike no kuri mwebge.