2 Corinthians 11:2 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.