2 Corinthians 11:23 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu.