2 Corinthians 12:11 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbaye igipfu, ni mwebge mwabinteye, kukw ivyari bikwiye ar’ uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ ubusa.