2 Corinthians 3:14 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.