2 Corinthians 3:7 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Yamar’ ubgo bugabuzi bgandikishijwe inyuguti zikorogoshowe mu mabuye bgaganzwa n’urupfu, naho bgari bgazananye n’ubgiza. Arik’ ubgo bgiza, naho bgagenda bushira, bgatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose.