2 Corinthians 4:15 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.